Uko wahagera

Uburusiya Bwahagaritse Gutanga Gaze muri Polonye na Bulgariya


Umushikiranganji wa mbere wa Polonye, Mateusz Morawiecki ariko atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru i Rembelszczyzna, hanze ya Varsovie muri Polonye, kw'itariki ya 27/04/2022.
Umushikiranganji wa mbere wa Polonye, Mateusz Morawiecki ariko atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru i Rembelszczyzna, hanze ya Varsovie muri Polonye, kw'itariki ya 27/04/2022.

Ikompanyi y’umwaka wa Gaze y’Uburusiya, Gazprom yahagaritse kuri uyu wa gatatu gutanga Gaze muri Polonye na Bulgariya.

Uburusiya bwasavye ibihugu vya Buraya, bikoresha Gaze yabwo kuriha iyo gaze mu marouble, amafaranga akoreshwa mu Burusiya.

Ikompanyi Gazprom yavuze ku musi wa gatatu ko Polonye na Bulgariya bitarabikora arico gitumye gaze vyaronswa ihagarikwa. Gazprom rivuga ko ibindi bihugu bine bitavuzwe amazina vyatanguye kuriha mu maruble, kandi n’ibindi bihugu vya buraya vyujuruje amakonte y’ama rouble muri banki kugira birihe mu mafaranga y’Uburusiya.

Perezidanse ya Amerika yavuze kuri uyu wa gatatu ko iyi ngingo y’Uburusiya yari yitezwe.

Ku rubuga huriro Twitter, komiseri w’ubumwe bwa Buraya Ursula von der Leyen nawe yavuze Ubumwe bwa Buraya bwari buvyiteze kandi ko bagiye kuvyishurako vuba, kandi bashize hamwe.

Abategetsi ba Polonye na Bulgariya bavuze ko iyi ngingo iteye kubiri n’amasezerano bumvikanye n’Uburusiya.

Hambavu y’iyi ntambara y’ubutunzi, ubushikiranganji bw’Uburusiya bwo kwivuna abansi bwavuze kuri uyu wa gatatu ko abasirikare babwo bateye misile mw’ijoro mu bibanza 59 muri Ukraine. Ibi bibanza vyatewe birimwo ububiko bw’ibirwanisho mvamakungu bigizwe n’inkoho n’amasasu vyarungitswe muri Ukraine na Amerika hamwe n’ibihugu vya Buraya.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG