Uko wahagera

Umukenguzamateka wa Mbere Yamaze Imyaka Myinshi muri Sena ya USA Yashengeye


Umukenguzamateka Orrin Hatch
Umukenguzamateka Orrin Hatch

Orrin Hatch yahoze ari umukenguzamateka w’Amerika yitavye Imana ku myaka 88. Hatch yaserukiye Reta ya Utah iri mu bumanuko bushira uburengero bw’Amerika kuva mu 1976 kugera agiye mu karuhuko k’izabukuru mu 2019. Ni we mukenguzamateka w’umurepublikane yamaze umwanya munini muri Sena y’Amerika.

Orrin Hatch yamenyekanye nk’umwe mu bakenguzamateka bari ku ruhande rw’ivya kera (Conservateur) mu vy’ubutunzi n’imibano. Akatari gake yarakoranye n’abademokarate ariko ku bibazo birimwo ivy’abagendana ubumuga, n’uguteza imbere urupapuro rufasha abana kwivuza. Bitangaje yagiranye ubucuti na bamwe mu bakenguzamateka b’abademokrate batumva kimwe ivya poritike.

Mu 2015, yari uwugira 3 mu bashobora gusubirira umukuru w’igihugu mu gihe visi perezida n’umukuru w’inama nshingamateka batahari. Mu 2018, Prezida Donald Trump yamuhaye umudari witiriwe Prezida mu vy’ubwigenge. Uwo mudari ni wo ufise agaciro kari hejuru mu midari yose ishobora guhabwa abasivile muri Amerika.

Abakenguzamateka barimwo Mitt Romney yamusubiriye bavuze ko Amerika ibuze umugabo w'ijunja asumvya benshi ubuntu, ubutwari, ukwicisha bugufi n’ukwama yarondeye ko inama yosumba ingimba.

Fondasiyo yamwitiriwe yatangaje ivy’urupfu rwiwe ntiyigeze ivuga icamuhitanye. Mw’itangazo Fondasiyo Hatch yasohoye, yanditse ko “Mu gihugu cuzuye amacakubiri, Orrin Hatch yatanze akarorero keza mu kunga ubucuti ku mpande zose zirimwo iz’abo batumva ibintu kimwe.” Nyakwigendera asize umupfasoni wiwe Elaine n’abana babo batandatu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG