Abategetsi mu gisagara ca Shanghai mu Bushinwa boroheje ingingo zari zihari zigamije kwirinda umugera wa COVID 19 wari warasubiriye kugwira cane.
Abantu bashika ku miliyoni 4 ni bo boroherejwe, mu kurekurigwa kugira uruja n’uruza hamwe no gusubira mu mirimo yabo. Iyo ngingo ije mu ntumbero yo kugerageza kunagura ubutunzi mu gisagara ca Shanghai.
Amahinguriro amwe amwe harimwo ayakora imiduga nka Tesla idakoresha ibitoro muri Shanghai yatanguye gusubira gukora kuri uno musi wa kabiri. Amahinguriro yari amaze indwi zitatu yarahagaritswe. Amashirahamwe akomakomeye arenga 600 ni yo ari ku rutonde rw’ayemerewe gusubira ku kivi.
Ico gisagara ca mbere kinini mu gihugu c’Ubushinwa kimaze imisi gihanzwe n’iyongerekana ry’ibitigiri vy’abagwayi b’ikiza ca Covid 19. Ni mu gihe kuri uno musi wa gatatu abantu bashika ku bihumbi 18 bashasha batowe uwo mugera.
Ivyo bitigiri bishasha vy’abagwayi vyibonekeje mu gihe reta isanzwe ifise umugambi bise “zero Covid” ugamije kurandurana n’imizi umugera wa Covid 19 ku butaka bw’Ubushinwa.
Facebook Forum