Uko wahagera

Uburusiya Bwirukanye Abadipolomate 15 b'Ubuholande


Umushikiranganji w'Ubuholande ajejwe imigenderanire n'amakungu, Wopke Hoekstra mu bushikiranganji bw'imigenderanire bwa Amerika, kw'itariki ya 14/04/2022.

Uburusiya bwavuze kuri uyu wa kabiri ko bwirukanye abadipolomate 15 b’Ubuholande, kandi ko bahawe indwi zibiri zo kuzoba bavuye mu gihugu. Iyi ngingo yo gusubiriza mu ndumane ikurikiye iy’Ubuholande bwirukanye mu kwezi guheze abadipolomate 17 b’Abarusiya. Ubuholande bwabagirije ko hambavu yo guserukira Uburusiya bakora n’ibikorwa vya maneko.

Mu kwishura kuri iri tangazo ryo kuri uyu wa kabiri, umushikiranganji w’Ubuholande w’imigenderanire n’amakungu, Wopke Hoekstra yavuze ko vyari vyitezwe ko Uburusiya buzokwihora. Yavuze ko izo ntumwa zizoca ziva muri ambasade y’Ubuholande i Moscou no muri Consula nkuru iri i St. Petersburg.

Ubushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire bwavuze ko bugiye kuzokwirukana kandi abanya-Otrishiya bane, n’ababirigi 12, muri uko kwihora.

Kuva Uburusiya buteye Ukraine mu kwezi kwa kabiri itariki ya 24, abadipolomate 300 b’Uburusiya barirukanywe mu bihugu bitandukanye.

Ibihugu vya Slovakiya, Estoniya, Latviya, Lituwaniya, Montenegro, Polonye na Reta zunze ubumwe za Amerika vyarirukanye intumwa z’Uburusiya.

Uburusiya bwafashe ingingo nk’iyo kandi yo gusubiriza mu ndumane intumwa ziserukira Repubulika ya Cekoslovakiya, Bulgariya n’ubumwe bwa Buraya.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG