Perezida wa Afrika y’Epfo Cyril Ramaphosa kuri uyu wa mbere yatangaje ko igihugu kiri mu bihe vy’ivyago kubw’imyuzure y’imvura yateye mu buseruko bw’igihugu. Agabisha ko kwongera kwubaka ivyasambutse bizotwara igihe kitari gito.
Perezida Ramaphosa yavuze ko igihugu kiri mu bihe bisaba ibikorwa vyinshi, kuko ubuzima, amagara no kubaho neza kw’ibihumbi vy’abanyagihugu bikiri mu kaga.
Ikivuko c’i Durban kimwe mu bivuko bicamwo ibidandazwa vyinshi ku mugabane wa Afrika kandi gifitiye akamaro igihugu, carononekaye cane. Abantu hafi 443 barapfuye, abandi 48 baraburirwa irengero, mu micungararo y’igisagara ca Durban.
Mu gatondo ko kuri uyu musi wa mbere, igisirikare cavuze ko abasirikare 10.000 barungitswe gufasha kugarukana umuyagankuba n’amazi no kurondera ababuriwe irengero.
Perezida Ramaphosa yavuze ko abantu 40.000 batagira uburaro, amashure arenga 600 n’amavuriro 66 vyarononekaye. Reta yatangaje ko igiye gutanga imiriyoni 68 z’amadolari yihuta yo gufasha abakozweko n’ivyo vyago.
Facebook Forum