Uko wahagera

Abishwe n'Imyuzure muri Afrika y'Epfo Bashitse ku 306


Ivyasambuwe n'imvura mu ntara ya KwaZulu-Natal
Ivyasambuwe n'imvura mu ntara ya KwaZulu-Natal

Abasize ubuzima mu myuzure y’imvura yaguye mu gisagara ca Durban muri Afrika y’Epfo biyongereye gushika ku 306. Reta yabivuze kuri uyu wa gatatu, inyuma y’aho amabarabara hamwe n’udusozi bisanganguriwe, n’amazu agasambuka.

Perezida Cyril Ramaphosa, yavuze ko iyi myuzure ari ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe. Yongeyeko ko ibiraro vyasambutse, amabarabara arasenyuka, abantu bahasiga ubuzima, aho hari n’umuryango umwe wabuze abantu 10 ica rimwe. Amashure ashika 248 yarononekaye.

Kurondera ababuriwe irengero biracabandanya, kandi abahuye n’ingaruka z’ibi vyago bagiye gufashwa n’ubutegetsi, nkuko Perezida Ramaphosa yavuze.

Ibihugu bibanyi na Afrika y’Epfo bikunze guhura n’ibiza vy’imvura n’imiyaga buri mwaka. Ariko Afrika y’Epfo yari yarakumiriwe n’ivyo biza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG