Uko wahagera

Somaliya: 6 Bakomerekeye mu Gitero Al-Shabab Yagavye ku Nama Nshingamateka


Bamwe mu basirikare ba Somaliya
Bamwe mu basirikare ba Somaliya

Umugwi w'intagondwa za al-Shabab wigamvye igitero cagabwe ahakorera inama nshingamateka ya Somaliya. Batandatu bakomerekeye muri ico gitero.

Mu butumwa Umushingamateka, Abdirahman Abdishakur Warsame, ari mu bitoreza kuba prezida yacishije ku rubuga rwiwe rwa Facebook, yavuze ko mu bakomeretse harimwo abamucungerera umutekano babiri.

Ico gitero Al-Shabab yemanze cagabwe mu gihe abaheruka gutorerwa ubushingamateka muri Somaliya bari bakoranye batora indongozi zabo.

Ibiro vy’umushikiranganji wa mbere vyateye ivyatsi ico gitero, bivuga ko ari igikorwa c’iterabwoba, cakozwe mu ntumbero yo gutera ubwoba abashingamateka no kuburabuza ibikorwa vy’amatora bisa nk’ibiriko birasozerwa.

Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya yasavye abashingamateka kwihutisha amatora. Imbere y’igitero co kuri uno wa mbere, abashingamateka bari bumvikanye ko botora uwutwara inama nkenguzamateka igenekerezo rya 26 uku kwezi, uwutwara inama nshingamateka nawe bakamutora igenekerezo rya 27. Abashingamateka bagaheza bagatora umukuru w’igihugu mu ntango z’ukwezi kwa gatanu.

Amatora y’izo nzego amaze amezi adindiye bivuye ku kunyinyurana hagati y’umushikiranganji wa mbere na Prezida Mohamed Abdullahi Mohamed, azwi cane kw’izina rya Farmaajo.

Prezida Farmaajo yaragerageje kwiyongera igihe co gutwara ariko umugambi wiwe uburizwamwo n’igitutu c’amakungu na bamwe mu bari mu gihugu. Al-Shabab yihetse ku cuka kibi ca politike, yagavye ibitero bitari bike ku bajejwe gucungera umutekano n’abanyepolitike.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG