Uko wahagera

Abahitanwe n'Imyuzure y'Imvura Baduze Gushika ku 443


Abakorerabushake bariko barakura umwavu wasizwe n'imvura ku kivuko c'i Durban, Afrika y'Epfo, kw'itariki ya 16/04/2022
Abakorerabushake bariko barakura umwavu wasizwe n'imvura ku kivuko c'i Durban, Afrika y'Epfo, kw'itariki ya 16/04/2022

Abahitanwe n’imyuzure y’imvura yaguye mu buseruko bwa Afrika y’Epfo biyongereye gushika ku 443, harimwo n’uwutabara umwe. Umutegetsi w’intara ya KwaZulu-Natal, Sihle Zikalala yavuze ko hambavu y’abapfuye biyongereye, abandi 63 ntibazwi irengero.

Imvura iriko iratangura kugabanuka mu gice c’ubuseruko, bituma abatabara hamwe n’abatanga imfashanyo boroherwa mu bikorwa vyabo.

Imyuzure y’amazi yateye igisagara ca Durban mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu hamwe no mu micungararo y’aho, mu ntango z’indwi iheze, isenyura amabarabara, isambura ibitaro n’amazu.

Reta, amashengero, n’amashirahamwe y’abagiraneza batanguye gushikana imfashanyo ku bantu barenga 40.000 batagira aho bakika umusaya. Reta yemeye gutanga imiriyoni 68 z’amadolari yo gufasha mu bikorwa vyihuta.

Iyi myuzure yatewe n’imvura yatumye Perezida Cyril Ramaphosa asivya urugendo rw’akazi yari kugira muri Arabiya Sawudiye, rwari rutegekanijwe gutangura kuri uyu wa kabiri w’iyi ndwi itanguye.

@Reuters

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG