Uko wahagera

CNC Igabisha Abamenyeshamakuru "Bacapfuza Uburundi"


Vestine Nahima atwara CNC
Vestine Nahima atwara CNC

Urwego rwa reta CNC rucungera ingene ibimenyeshamakuru n’amaradiyo bikora mu Burundi ruragabisha abamenyeshamakuru ruvuga ko bacafuza igihugu. Ku bwa CNC, abo ni abandika canke abavuga ibitagenda neza vyonyene.

Umukuru w’urwego CNC yabibwiye abatwara amaradiyo n’ibibimenyeshamakuru bikorera mu gihugu, mu nama yo kubakebura yabagirishije kuri uyu wa gatanu.

Vestine Nahimana, yipfuza ko we hamwe n’abatwara amaradiyo n’ibinyamakuru bafata intumbero imwe kuri urwo rugamba. Urwego CNC rwaboneyeho akaryo ko gutangaza ko ibiganiro kugira i Radiyo y’Abanyamerika Ijwi rya Amerika yuguruwe bigeze kure, inyuma y’imyaka hafi 4 yarugawe.

Abatwara amaradiyo n’ibinyamakuru na bo nyene baremera ko hari agahaze mu maradiyo yabo n’inkuru zandikwa. Biyemeje guterera agacumu k’ubumwe kugira uwo mwuga unaguke. Yamara, basaba reta n’inzego zayo kudasubira kuburabuza abamenyeshakuru mu kazi kabo, kuko kuri bo, atari abansi b’igihugu. Basaba ko n’inzego zidatanga amakuru zokwikebuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG