Murisanga y'uno munsi ishimikiye ku kibazo c'ihohoterwa rifatiye ku mabanga mpuzabitsina mu mwuga wo kumenyesha amakuru mu Burundi. Umutumire ni Madamu Agatonique Barakukuza, ashinzwe umugambi “Medias Paix et Genre” mw'ishirahahamwe, AFJO, ryakoze icirwa kuri iki kibazo.