Uko wahagera

Ibiharuro Vyerekana ko Macron na Le Pen Bazobangabanganwa mu Matora


Prezida w'Ubufransa, Emmanuel Macron, yagendeye uno musi ku wa mbere intara ishigikiye cane uwo bahiganwa bikomeye mu ncuro ya kabiri y'amatora y'umukuru w'igihugu, Marine Le Pen, iri mu buraruko bw'igihugu.

Macron na Le Pen bazohura ku ncuro ya kabiri kw’itariki 24 y’uku kwezi kwa kane. Macron, afise imyaka 44 muri iki gihe, ariko arondera kuba prezida wa mbere azoba atsindiye ikiringo kigira kabiri mu kiringo c’imyaka 20. Yamara ahanganye bikomeye na Marine Le Pen, yafatiye kw’ishavu ry’abanyagihugu ku buzima bwabo butera buzimba cane, hamwe n’uko babona ko Macron atabona ibibazo bacamwo imisi yose.

Emmanuel Macron na Marine Le Pen batsinze mu ncuro ya mbere y’amatora yabaye ku musi w’Imana. Bazosubira guhangana ku ncuro ya kabiri y’amatora nk’uko vyabaye mu mwaka w’i 2017.

Macron ashira imbere ubumwe bw’igihugu n’ubw’umuryango w’ubumwe bw’Uburaya mu gihe Marine Le Pen ashaka ubwigenge n’ukwikukira nyakuri kw’Ubufransa.

Prezida Macron yavuze mw’ijoro ryo ku musi w’Imana, ko urugamba rutararangira. Yabitangaje inyuma gatoyi y’aho ibiharuro vya mbere vy’ivyavuye mu matora vyerekanye ko azoja mu ncuro ya kabiri y’amatora. Mu gihe ibice 97 kw’ijana vy’amajwi amaze guharurwa, Macron yatsinze n’amajwi 27.60 kw’ijana mu gihe Le Pen yaronse 21.95 kw’ijana.

Ivyatohojwe vyerekana ko ihiganwa hagati y’abo bakandida babiri rizoba ryegeranye cane mu ncuro ya kabiri y’amatora. Bimwe mu vyatohojwe vyerekana ko Macron azotsinda n’ibice 51 kw’ijana vy’amajwi mu gihe Le Pen azoronka ibice 49 kw’ijana. (Reuters).

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG