Uko wahagera

Uburusiya Bwirukanye Abaserukira Polonye 45


Uburusiya bwirukanye abaserukira igihugu ca Polonye 45, nkuko vyatangajwe n'ubushsikiranganji bujejwe imigenderanire bw'Uburusiya uno musi ku wa gatanu.

Ni mu ntunbero y’ukwishura ku ngingo Polonye yafashe mu kwezi guheze y’ukwirukana igitigiri kingana nk’ico c’abaserukira Uburusiya muri ico gihugu bagirijwe gusuma urusaku.

Ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bw’Uburusiya bwatangaje ko bwatumyeko ambasaderi wa Polonye muri ico gihugu kugira bwiyamirize bwivuye inyuma ingingo idasiguritse y’ukwirukana abaserukira Uburusiya mu gihugu ciwe yafashwe kw’itariki 23 y’ukwezi kwa gatatu kw’uyu mwaka w’i 2022.

Yabwiwe ko Uburusiya bubona ko iyo ngingo yemeza intumbero y’ico gihugu ciwe y’ugusambura imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyompi. Ubushikiranganjji bujejwe imigenderanire bw’Uburusiya bwatangaje ko Polonye ari yo yagirizwa ivyabaye.

Ubwo bushikiranganji bwirukanye abasrukira Polonye mu Burusiya 45, hamwe n’abagiserukira muri za konsula mu bisagara vya Irkutsk, Kaliningrad na Saint Petersburg, mu ntumbero y’ukwishura ku vyo butangaza ko yari ingingo itari iya kivandimwe yari yafashwe na Polonye imbere yaho. Abo badiplomate birukanywe bategerezwa kuzoba bavuye ku butaka bw’Uburusiya kw’itariki 13 y’uku kwezi kwa kane. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG