Abasirikare bane ba Reta zunze ubumwe za Amerika bakomerekejwe kuri uyu wa kane n’igisasu co mu bwoko bwa roketi catewe ku kambi yabo mu buseruko bwa Siriya.
Igisirikare ca Amerika cavuze ko izo roketi zaguye ku nyubakwa zibiri mw’ikambi iri mu ntara ya Deir Ezzor, igenzurwa n’abarwanyi b’aba kurde baharanira demokarasi bacuditse na Amerika. Iyo kambi ya Amerika n’abo bicuditse iriho kugira irwanye ibisigarira vy’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.
Amerika ivuga ko abo basirikare bane batwawe kuvurwa kandi hoba hari abababaye mu bwonko. Ariko aho ivyo bitero vyavuye ntihavuzwe kuko ngo hagitohozwako.
Facebook Forum