Uko wahagera

Abagirizwa Kwiba Umuriyaridi w'Amafaranga y'Amarundi Bakoresheje Uruyeri Bafashwe


Pierre Nkurikiye
Pierre Nkurikiye

Amafaranga y'amarundi arenga umuliyaridi umwe ni yo yafatanywe abantu batatu harimwo aba pasitori babiri. Igipolisi cabafashe gisigura ko ayo mafranga yibwe abanyagihugu barenga 400 hakoreshejwe uruyeri. Umuvugizi w’igipolisi Pierre Nkurikiye atera akamo abari bamaze kwibwa muri ubwo buryo kwitura parquet mu gisagara ca Bujumbura kugira basubizwe utwabo.

Igipolisi c’Uburundi cemeza ko ubusuma bukoreshwa mu ruyeri bwasubiye kwibonekeza cane cane mu gisagara ca Bujumbura. Pierre Nkurikiye umuvugizi w’igipolisi yeretse abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri, abantu batatu bagirizwa ico caha, bafashwe bamaze kwegeranya ayarenga umuliyaridi mu mafranga y’Amarundi.

Pierre Nkurikiye yavuze ko ayo mafranga yibwe abantu barenga 400. Igipolisi gihamagarira abanyagihugu kuba maso no gushengeza abashaka kubiba muri ubwo buryo. Abibwe ni abo mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara za Cibitoke na Ngozi.

Mu mpera z’umwaka uheze, haribonekeje abantu benshi bitura ubutungane bavuga ko bibwe muri ubwo buryo bwo gutanga amafaranga biteze inyungu y’umurengera. Inyuma y’aho, amashirahamwe menshi akora bene ivyo bikorwa yarahagaritswe, abayarongoye barafungwa. Bagirijwe kwiba bakoresheje uruyeri.

Mu kiganiro Igipolisi cahaye abamenyeshamakuru, cagize n’ico kivuga ku bwicanyi buheruka guhitana abapasitori babiri bo mw’ishengero ryitwa “Eusebu”. Bishwe barashwe n’abantu bataramenyekana, mw’ijoro ryo ku wa gatandadu mu mpera z’iyi ndwi iheze, mu Kanyosha mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura. Pierre Nkurikiye, yemeje ko amatohoza ageze kure.

Iri shengero rya “Eusebu” ririmwo indyane zifatiye ku burongozi kuva ku mwaka uheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG