Uko wahagera

Madeleine Albright Yitavye Imana ku Myaka 85


Madeleine Albright yahoze ari umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire n'ayandi makungu ariko ashikiriza ivyaranguwe n'ubushikiranganji arongoye, i Washington, kw'itariki ya 10/01/2017
Madeleine Albright yahoze ari umushikiranganji wa Amerika w'imigenderanire n'ayandi makungu ariko ashikiriza ivyaranguwe n'ubushikiranganji arongoye, i Washington, kw'itariki ya 10/01/2017

Madeleine Albright, umukenyezi wa mbere yabaye umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu, yitavye Imana ahitanwe n’ingwara ya Kanseri. Umuryango wiwe watangaje iyi nkuru kuri uyu wa kabiri. Yitavye Imana afise imyaka 85.

Perezida Bill Clinton yahisemwo Albright kurongora ubwo bushikiranganji mu 1996, aba muri ayo mabanga mu myaka ine ya nyuma ya reta ya manda ya kabiri ya Perezida Clinton.

Imbere yo kuba umushikiranganji w’imigenderanire, Albright yabanje kuba ambasaderi wa Amerika mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Bimwe mu vyamuranze muri ico kiringo ciwe muri poritike, yaraharaniye ko ishirahamwe OTAN ryagura imbibe, agira inguvu nyinshi kugira uwo muryango wo kurwaniriza umwansi hamwe ugira ico ukora kugira hahagarikwe jenoside mu bihugu vyo mu Buraya bwo mu bumanuko bushira ubuseruko bigizwe na Slovenia, Crowasiya, Bosniya na Herzegovina, Serbiya, na Macedoniya, bikunze kwitwa ibihugu vyo muri Balkans.

Azwi kandi ko yaharaniye kugabanya igwirirana ry’ibirwanisho vya Nikereyeli yongera arwanira uburenganzira bwa muntu na demokarasi kw’isi.

Jenoside yo mu Rwanda yabaye Madeleine Albright ari ambasaderi wa Amerika muri ONU. Inyuma yayo yavuze ko yababajwe nuko atabashije kuyihagarika.

Madeleine Albright yavukiye muri Cekoslovakiya, mu Burayi bwo hagati.

AP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG