Uko wahagera

Abashika 132 Barasize Ubuzima mw'Isanganya ry'Indege y'Ubushinwa


Indege y'ikompanyi y'Ubushinwa Eastern Airlines
Indege y'ikompanyi y'Ubushinwa Eastern Airlines

Nta makuru y’imvaho y’aboba barokotse mw’isanganya ry’indege y’ikompanyi y’Ubushinwa, China Eastern Airlines, iyo abategetsi bavuga ko yari itwaye abantu 132, yaguye mu misozi iri mu bumanuko bw’Ubushinwa kuri uyu wa mbere.

Iyo kompanyi yavuze kuri uyu wa mbere ko igandariye ingenzi hamwe n’abakozi bayo bari muri yo ariko ntiyatomoye igitigiri c’abapfuye.

Ibimenyesha makuru mu Bushinwa vyavuze ko abatabara bavuze ko ata kimenyetso batoye c’aboba bakiri bazima mu bisigarira vy’iyo ndege.

Abategetsi bo mu gisata c’indege za gisivile mu Bushinwa bavuga ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Boeing 737-800 yari ivuye mu gisagara ca Kunming mu bumanuko bushira uburengero bw’ubushinwa yerekeza mu gisagara ca Guangzhou, mu buseruko, igihe yakoroka igeze hafi y’igisagara ca Wuzhou kiri mu ntara ya Guangxi.

Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping yasavye ko haba amatohoza vuba bwango kugira hamenyekanye icateye iryo sanganya.

Isanganya ry’indege ya gisivile mu Bushinwa ryaheruka mu kwezi kwa munani 2010, igihe indege y’ikompanyi Henan Airlines yakoroka yegereje kugwa ku kibuga c’indege c’i Yichun.

@ APress, Reuters na AFP.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG