Uko wahagera

Ingingo Ibuza Zimwe mu Ngendeshwa Kwinjira i Bujumbura Yagiye mu Ngiro


Ingingo ibuza amakinga, amatuktuk n’amapikipiki kwinjira mu murwa mukuru w’ubutunzi w’igisagara ca Bujumbura yamaze kuja mu ngiro kuri uyu wa mbere. Mu mabarabara yose yo muri ico gisagara ca Bujumbura, ivyo vyuma vyose vyari bisanzwe bihakorera, nta na kimwe kiharangwa.

Naho abari basanzwe bakoresha ivyo vyuma mu kuja ku kazi bo bavuga ko ubwanwa bwafutse umunwa, badafise n’ico bovuga, kuko ngo babuze uko bashika ku kazi, imirongo miremire y’abarindiriye imodoka za bisi akaba ari yo yarangwa ahantu hatandukanye. Akarorero ni ku kiraro co ku ry’icumi na kabiri mu Kanyosha aho kuva isaha imwe n’igice zo mu gitondo ata bisi yaharangwa, bakibaza ukuntu ingingo nk’iyi ifatwa hama ntihabeho inyishu ziyiherekeza.

Inkuru ya Thierryve Ndayishimiye, akorera Ijwi ry'Amerika i Kigali

Wakiriye Gute Ingingo Ibuza Bimwe mu Vyuma Kwinjira i Bujumbura
please wait

No media source currently available

0:00 0:04:15 0:00

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG