Uko wahagera

Ubwandu bwa Corona Bwoba Bwagabanutse kw'Isi?


Mu gihe isi iriko yinjira mu mwaka ugira gatatu wo guhangana n’ikiza ca Covid-19, ibitigiri vy’abahitanywe naco biributsa ubukare bw’iyo ngwara naho abantu batanguye gukura udufukamunwa, uruja n’uruza n’ubudandaji bikaba biriko bisubira nk’uko vyahora.

Kuri uno musi wa mbere ubushakashatsi bwakozwe na kaminuza yo muri Amerika John Hopkins bwerekana ko abantu bahitanywe n’ikiza ca Corona bagera ku miriyoni 5.999.158 ku isi.

Mu myaka ibiri iheze aho amazinga yari yarakingiwe n’ukuba ari kure y’abandi bantu benshi, muri iki gihe aratanguye kwibonekezamwo ico kiza n’abantu bitaba Imana bitewe n’ubwoko bwa Corona bwa Omicron bwandukira cane.

Hong Kong aho abantu benshi babandanya guhitanwa n’ico kiza, reta yafashe ingingo yo gupima abanyagihugu bose bangana n’imiriyoni indwi n’igice ku ncuro igira gatatu mu kwezi kumwe. Ni mu gihe igihugu c’Ubushinwa cihaye ihangiro ryo kuba ata muntu n’umwe agwara Corona.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG