Abanya Ukraine barabandanya guhungira mu gihugu kibanyi ca Polonye ku bwinshi bitewe n’intambara iri hagati y’ico gihugu n’Uburusiya. Ku musi w’Imana, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryaratangaje ko Abanya-Ukraine bahunga igihugu bamaze kurenga umuliyoni n’igice.
Filippo Grandi komiseri ayoboye igisata kijejwe impunzi avuga ko abagana mu gihugu ca Polonye bamaze kurenga umuriyoni. Ivyo biri uko mu gihe reta ya Kiev ibandanya gusaba ibihugu vyo mu burengero bw’isi gukomeza ibihano no kuyiha ibigwanisho vyo kwivuna ibitero vy’igihugu c’Uburusiya.
Abanya-Ukraine bari basanzwe baba mu gihugu ca Polonye bangana n’umuriyoni n’igice. Polonye ni co gihugu kimaze kugeramo igitigiri kini c’abanyaUkraine bahunze muri ako karere. Ibindi bihugu bariko bahungiramwo muri iki gihe ni Slovakiya, Hongriya, n’uburaruko bwa Rumaniya.
Igihugu ca Polonye kiriko kiratunganya uburyo bwo gufasha ubuyobozi bw’intara zaco hamwe n’amashirahamwe yigenga.
Facebook Forum