Uko wahagera

ONU: Abahunze Ikerene Bageze ku Bihumbi 500


Bamwe mu bahunze Ukraine
Bamwe mu bahunze Ukraine

Umuryango mpuzamakungu, ONU, ugereranya ko hamaze guhunga abantu barenga ibihumbi 500 bava mu gihugu ca Ikrene kandi ko ico gitigiri kibandanya kwiyongera.

Imirongo miremire y’imiduga itwaye impunzi iriko igenda igana imipaka y’ibihugu vya Hongriya, Silovakiya, Roumaniya n’igihugu kitari mu bumwe bwa Buraya ca Moldova. Izindi mpunzi ziriko zijabuka imipaka n’amaguru zitwaye imizigo yabo igana mu bihugu bigize ubumwe bwa Buraya.

Uwundi mugwi w’impunzi amajana n’amajana wakiriwe mu kibanza kiri mu kigwati ca Beregsurany muri Hongriya aho barindiriye imiduga yobatwara mu gihugu hagati.

Nyinshi mu mpunzi zakiriwe mu kibanza ca Beregsurany co kimwe n’ibibibanza vyinshi mu buseruko bwa Buraya, zituruka mu gihugu c’Ubuhindi, Nijeriya n’ibindi bihugu vyo muri Afrika. Abo banyamahanga bari basanzwe bari muri ico gihugu kwigayo no gukora igihe intambara yatera.

Igihugu ca Hongriya giheruka kugurura imbibe zaco congera gitegekanya ikibanza co kubitaho kugira bakire izo mpunzi harimwo n’abantu bahora baba muri Ikrene ariko bakaba baturuka mu bindi bihugu. Abo bandi bantu bahora baba muri Ikrene bemererwa kwinjira muri Hongriya iyo babashije kwerekana ko bari bafise uburenganzira bwo kuba muri Ikrene.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG