Uko wahagera

COVID-19: Malawi Yahawe Impano y'Incanco 3.000 n'Ubuyapani


Umuforoma mu bumanuko bwa Malawi ariko atanga urucanco rwa COVID-19

Malawi yaronkejwe incanco hafi 300.000 za COVID-19 zahinguwe na AstraZeneca. Ni mu mugambi w’isi wo gukwiragiza kw’isi urwo rucanco ku rugero rungana. Iyi niyo mpano ya mbere y’uwo mugambi iki gihugu kironse uyu mwaka, inyuma y’aho iherewe n’izo yari ifise mu kwezi kwa cumi na kabiri.

Iyi mpano y’Ubuyapani igize kabiri ku ncanco hafi imiriyoni zibiri za Covid-19 za AstraZeneca Ubuyapani bwateganije kurungika muri Malawi.

Abategetsi mu gisata c’amagara y’abantu muri Malawi bavuga iyi mpano y’incanco za Covid-19 ibaye iya mbere Ubuyapani buhaye igihugu co mu karere ka Afurika yo munsi ya Sahara.

Malawi yatangaje mu kwezi guheze ko yihaye intumbero yo kuzoba yacandaze 50 kw’ijana vy’abanyagihugu gushika mu kwezi kwa gatandatu.

@VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG