Uko wahagera

Nijeri: Abashika 18 Bishwe mu Gitero c'Abajihadiste


Tillaberi Niger

Abasivile barenga 18 barishwe mu bitero bibiri bikekwa ko vyakozwe n’abajihadiste mu burengero bwa Nijeri hafi ya Mali.

Umushingamateka wo mu ntara ya Tillaberi yavuze ko abagabo bitwaje ibirwanisho baje bava muri Mali batanguye gutera imihana y’ahitwa Tizigorou imbere yo gutera ikamyo yarimwo abantu.

Bamwe bakeka ko hapfuye abantu 18 hamwe n’abandi umunani bakomeretse.

Intara ya Tillaberi iri ku mbibe za Nijeri, Burkina Faso na Mali.

Ababibonye bavuze ko abo barwanyi bishe abagabo bose bari muri iyo kamyo, babatwara ivyo bari bafise, batako baturira iyo kamyo.

Imihari yitwaje ibirwanisho yaragavye ibitero bitari bike ku basivile muri iyo ntara, harimwo n’igandagurwa ry’abantu bashika 69 kw’itariki 2 z’ukwezi kwa cumi na kumwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG