Uko wahagera

Covid:19: U Rwanda Rugiye Kuzokwakira Ihinguriro BioNTech


Umukzi wo muri Laboratware kw'ihinguriro ry'incanco za Covid-19 rya BioNTech i Marburg, mu Budagi.
Umukzi wo muri Laboratware kw'ihinguriro ry'incanco za Covid-19 rya BioNTech i Marburg, mu Budagi.

Ihinguriro ry’imiti ryo mu Budagi, BioNTech, ryafatanije na Pfizer ryo muri Amerika mu guhingura urucanco rwa mbere rwa Corona rwo mu bwoko bwa mRNA, ryavuze kuri uyu wa gatatu ko ritegekanya gutwara ihinguriro ryabo ku mugabane wa Afurika.

BioNTech ryavuze ko ryipfuza ko iri hinguriro rizoba ryashitse muri Afurika hagati muri uyu mwaka wa 2022 mu gihugu c’u Rwanda no muri Senegal bishobotse.

Perezida w’u Rwanda Paul Kagame hamwe na mugenzi we wa Senegal Macky Sall baritabiriye inama kuri Afurika yo kugabanganya ku rugero rumwe urucanco. Iyi nama yabereye ku cicaro ca BioNTech mu Budagi, yarimwo kandi na perezida wa Ghana Nana Akufo-Addo hamwe n’umuyobozi mukuru wa OMS, Tedros Adhanom Ghebreyesus.

Afurika ni wo mugabane ufise abantu bake bamaze gucandagwa kw’isi, inyuma y’imyaka irenga ibiri urucanco rwa mbere rusohowe. Abanyafurika bari munsi y’ibice 12 kw’ijana ni bo bamaze guhabwa doze zose zisabwa.

@AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG