Uko wahagera

Abakozi Batanu ba ONU Baranyurujwe muri Yemeni


Sana'a, Yemen Map
Sana'a, Yemen Map

Abakozi batanu b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baranyurujwe mu bumanuko bwa Yemeni, nkuko ONU yabivuze kuri uyu w’Imana.

Abo batanu banyururijwe mu ntara ya Abyan ku musi wa gatanu, igihe bari batahutse mu gisagara ca Aden bahejeje ibikorwa vyabo vyari vyabajanyeyo. Umuvugizi wa ONU, Eri Kaneko yabibwiye itororokanirizo ry’amakuru ry’Abafaransa, AFP.

Kaneko yavuze ko ONU iriko irakorana n’abategetsi ba Yemeni kugira babohoze abo bakozi bayo.

Ababanyuruje gushika ubu ntibaramenyekana.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG