Leta ya Tanzaniya yakuyeho ibihano vyabuza ibinyamakuru bine vyo mu gihugu gukora. Nape Nnauye, umushikiranganji ajejwe gutangaza amakuru n’ubuhinga bw’uguhanahana amakuru bwa none, yasohoye impapuro ziha uburenganiza ibinyamakuru, Mwanahalisi, Mawio, Mseto na Tanzania Daima bwo gusubira kurangura imirimo yavyo.
Prezida, Samia Suluhu Hassan, yashitse ku butegetsi mu mwaka uheze, yari yakuyeho ibihano uwo yasubiriye yitavye Imana, John Magufuli yari yafatiye amwe mu mateleviziyo akorera kuri internet vyari bigenewe kuyabuza gukora. Yamara reta yiwe yari yafashe ubwayo ingingo zibuza ibindi binyamakuru gukora.
Saed Kubenea, ayoboye ishirahamwe, Hali Halisi, rifise bimwe mu binyamakuru vyasubiye kwemererwa gukora yatangaje ko ingingo reta yafashe uno musi ku wa kane itanga icizere.
John Magufuli yari yabujije ivyo binyamakuru 4 gukora imirimo yavyo ku mpamvu zitandukanye harimwo gukokeza abanyagihugu gutera uruhagarara mu gihugu. (Reuters)
Facebook Forum