Uko wahagera

Perezida Biden Yiyemeje Kurwanya Kanseri muri Amerika


Perezida Joe Biden ashikiriza ijambo muri White House, kw'itariki ya 2/02/2022
Perezida Joe Biden ashikiriza ijambo muri White House, kw'itariki ya 2/02/2022

Perezida Joe Biden yiyemeje kugabanye igitigiri c’abapfa muri Reta zunze ubumwe za Amerika bahitanwe n’ingwara ya Kanseri gushika ku bice 50 kw’ijana mu myaka 25 iri imbere.

Iri hangiro rishasha yihaye ryo kurwanya iyo ngwara yari yararitangaje mu mwaka wa 2016 igihe yari icegera ca perezida Obama. Ibi vyavuzwe n’umutegetsi akomeye muri reta ya Perezida Biden atashimye ko amazina yiwe amenyekana.

Iki kibazo ca Kanseri muri Amerika kiri mu vyakoze kuri Perezida Biden ubwiwe, igihe yabura umuhungu wiwe mukuru, Beau Biden, ahitanwe na kanseri mu 2015. Ikigo ca Amerika kijejwe kurwanya kanseri kigereranya ko abazokwandura Kanseri bashasha uyu mwaka muri Amerika bazoba bangana umuriyoni 1.9, abo izohitanga na bo bazoba ari 609.000.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG