Uko wahagera

Abategetsi ba Somaliya Bumvikanye kw'Itariki y'Amatora


Perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed mu birori inyuma yo gushika ku mwumvikano hagati y'abategetsi ku gutunganya amatora. Ifoto yafatiwe i Mogadishu,kw'itariki ya 27/05/2021

Abategetsi ba Somaliya bumvikanye ku gutunganya amatora arindiriwe igihe kirekire, ay’abashingamateka n’ay’umukuru w’igihugu. Bumvikanye ko azoba kw’itariki ya 25 y’ukwezi kwa kabiri. Ibihugu hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu bikorana na Somaliya vyashimye uyu mwumvikano ariko bavuga ko icuka kibi ca poritike hagati ya perezida n’umushikiranganji wa mbere kigiteye amakenga.

Kubw’umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere, Mohamed Ibrahim Moalimu, abafise uruhara muri ayo matora bose babwirizwa kwubahiriza urutonde rwumvikanyweko kugira ibintu bitere bija imbere.

Aya matora amaze umwaka urenga arindiriwe, yatebejwe n’impari ku buryo yotunganywa. Mu bihe biheze, Perezida Mohamed Abdullahi Mohamed hamwe n’umushikiranganji wa mbere, Mohamed Hussein Roble, ntibahuje ku kuntu yogenda, bituma haba uruhagarara rwa poritike.

Abanyagihugu bo ku murwa mukuru Mogadishu babonye urwo ruhagarara bashimye uyu mwumvikano. Nayo ibiro vya ONU muri Somaliya vyasavye abategetsi ba Somaliya kwirinda icosubira kubacanishamwo ukundi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG