Uko wahagera

Somaliya: Perezida n'Umushikiranganji wa Mbere Ntibumvikana ku Matora


Perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed, ibubamfu, n'umushikiranganji wiwe wa mbere Mohamed Hussein Roble i Mogadishu, kw'itariki ya 27/05/2021
Perezida wa Somaliya Mohamed Abdullahi Mohamed, ibubamfu, n'umushikiranganji wiwe wa mbere Mohamed Hussein Roble i Mogadishu, kw'itariki ya 27/05/2021

Abanyeporitike muri Somaliya bongeye kutumvikana ku matora amaze igihe kitari gito arindiriwe muri ico gihugu co mw’ihembe rya Afrika.

Perezida wa Somali, Mohamed Abdullahi Mohamed, amenyerewe cane kw’izina rya Farmajo, hamwe n’umushikiranganyi wiwe wa mbere, Mohamed Hussein Roble, bongeye kudahuza ku kuntu ayo matora azotunganywa.

Perezida yagiriza umushikiranganji wa mbere kudashira mu ngiro ivyumvikanyweko mu kwezi kw’icenda 2020. Aya masezerano yaha uburenganzira intumwa 101 kuzotora abashingamateka, abo nabo bakazoca batora umukuru w’igihugu.

Ku ruhande rwiwe, umushikiranganji wa mbere yanse kwumvira perezida, ahitamwo kwiyemeza kuzohagarikira amatora avuga ko atawe akumira kandi akozwe mu mwidegemvyo. Roble avuga ko ibivugwa na perezida Abdullahi Mohamed bigamije gutoba amatora.

Ibigo bijejwe gucungera umutekano bifashwe mu mugongo n’abasirikare b’ubumwe bwa Afrika barakomeje umutekano muri ibi bihe muri Somaliya ariko abahinga muvya poritike bagabisha ko uru ruhagarara ruteye amakenga n’ubwoba.

Uru ruhagarara rwa poritike rushingiye ku matora ruje mu gihe abanyesomaliya bateze amaboko basaba imfashanyo bitewe n’inzara yatewe n’uruzuba.(VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG