Uko wahagera

Somaliya: Ukutumvikana Hagati ya Prezida n'Umushikiranganji wa Mbere


Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya Mohammed Hussein Roble na Fahad Yasin ajejwe urwego rw’igihugu rujejwe iperereza
Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya Mohammed Hussein Roble na Fahad Yasin ajejwe urwego rw’igihugu rujejwe iperereza

Umushikiranganji wa mbere wa Somaliya yahagaritse mu mabanga yiwe umutegetsi mukuru w'inzego zijejwe iperereza mu gihugu. Iyo ngingo yafashwe uno musi ku wa mbere yiyamirijwe n’umukuru w’igihugu mu vyerekana ukutumvikana gutera kwiyongera hagati y’abanyapolitike mu gihugu.

Umushikiranganji wa mbere, Mohammed Hussein Roble yatangaje ko yabwiye Fahad Yasin ajejwe urwego rw’igihugu rujejwe iperereza gutanga imihoho kubera yananiwe gutanga raporo kw’igandagurwa ry’umwe mu bakozi b’urwo rwego.

Gatoyi inyuma yaho, Prezida Mohamed Abdullahi Mohamed yasohoye itangazo ku ruhande rwiwe rivuga ko ingingo y’umushikiranganji wa mbere iciye kubiri n’ibwirizwa shingiro. Amenyesha ko Yassn yotegerezwa kubandanya mu mabanga yiwe y’umuyobozi w’urwego rw’igihugu rujejwe iperereza.

Ingingo y’ukumukura mu mabanga yerekana ko kutumvukana hagati ya prezida n’umushikiranganji wa mbere vyagiye ku mugaragaro. Bishobora gutera ibindi bibazo bijanye n’umutekano mu gihe prezida Mohamed Abdullahi Mohammed yabwiye umushikiranganji wa mbere, Mohammed Hussein Roble ko hari umurongo ntarengwako adashobora kwihanganira.

Impamvu y’ukwo kutumvikana hagati y’abo bategetsi 2 yerekeye igandagurwa ry’umwe mu bakozi b’urwego rw’igihugu rujejwe iperereza, Ikran Tahlil Farah, yazimanganye mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu kw’uyu mwaka.

Reta yagirije mu ndwi iheze umurwi al-Shabab ku vyerekeye urupfu rwiwe, yamara uwo murwi warahakanye ko hari uruhara wagize ku bijanye n’urupfu rwiwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG