Uko wahagera

Amerika Yagenye Intumwa Nshasha Idasanzwe mw'Ihembe rya Afurika


David Satterfield intumwa nshasha ya Amerika mu karere k'ihembe rya Afrika

Umushikiranganji wa Reta zunze ubumwe za Amerika w’imigenderanire n’amakungu, Antony Blinken, kuri uyu kane yagenye David Satterfield, umudiplomate w’inzobere, nk’intumwa nshasha idasanzwe ya Amerika mw’ihembe rya Afrika rirangwamwo umutekano muke.

Satterfield, w’imyaka 67, yakoreye mu bihugu vyo mu kigobe c’abaperese, Libani, Iraki na Turukiya. Asubiriye Jeffrey Feltman, uyundi mu dipolomate w’inararibonye, aheruka gutanga imihoho nk’intumwa ya Amerika mw’ihembe rya Afrika rigizwe na Somaliya, Djibouti, Eritreya na Etiyopiya kuva mu kwezi kwa kane.

Igihe yariko ashikiriza igenwa ryiwe, umushikiranganji Blinken yavuze ko ambasaderi Satterfield amaze imyaka irenga cumi muri dipolomasiya cane cane mu bihugu birangwamwo intambara. Yavuze ko azobandanya utwigoro twa Amerika two gutsimbataza amahoro n’iterambere mw’ihembe rya Afrika hamwe no gukingira inyungu za Amerika muri ako karere. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG