Uko wahagera

Umukuru w'Inama Nshingamateka ya Tanzaniya Yatanze Imihoho


Umukuru w'Inama nshingamateka ya Tanzaniya, Job Ndugai
Umukuru w'Inama nshingamateka ya Tanzaniya, Job Ndugai

Umukuru w’inama nshingamateka ya Tanzaniya yatanze imihoho muri ayo mabanga kuri uyu wa kane, inyuma yo kutumvikana na Perezida Samia Suluhu Hassan, basangiye umugambwe uri ku butegetsi Chama Cha Mapinduzi (CCM).

Job Ndugai, yifatiye mu gahanga Perezida Samia Suluhu Hassan mu ndwi iheze, amunegura ku co yise amadeni y’umurengera Tanzaniya ibandanya ifata mu makungu. Ndugai avuga ko mu gihe Tanzaniya yoguma isaba amadeni buri munsi, hazogera igihe igihugu cose kikagurishwa.

Perezida Samia Suluhu Hassan, yashikiriye ubutegetsi mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze, yavuze ku musi wa kabiri ko agiye kuzohindura abagize reta, yigize kure abashikiranganji akeka ko bari ku ruhande rw’abanyeporitike badahuza bari mu mugambwe CCM. Ndugai, yahoze ashigikiye nyakwigendera perezida John Magufuli.

Ibiharuro bitangwa n’ibanki nkuru ya Tanzaniya, vyerekana ko gushika mu kwezi kwa cumi na kumwe, Tanzaniya yari ifise amadeni aharurwa ku miriyaridi 28 z’amadolari. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG