Perezida mushasha wa Tanzaniya, Samia Suluhu Hassan, yavuze kuri uyu wa kane ko yipfuza kwegera abatavuga rumwe n’ubutegetsi, mu ntumbero yo guharanira demokarasi n’uburenganzira bwa muntu..
Yabwiye abashingamateka ko uburenganzira bwa demokarasi hamwe n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ari nkenerwa mw’iterambere n’amahoro.
Perezida Hassan, yabaye umuperezida wa mbere w’umukenyezi atwaye Tanzaniya kuva mu kwezi kwa gatatu, yavuze ko agiye kuzoganira n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi ku kuntu bokora ibikorwa vyabo vya poritike ku nyungu z’igihugu.
Tanzaniya izwi nk’igihugu kirangwamwo umutekano no gushikira ubutegetsi hisunzwe demokarasi ugereranije n’ibihugu bibanyi, ariko amakungu yakunze kunegura nyakwigendera John Pombe Magufuli ko atorohereza abatavuga rumwe nawe.
Ibimenyeshamakuru bitari bike vy’abanyamahanga ntivyemerewe gukorera muri Tanzaniya mu gihe c’amatora y’umukuru w’igihugu yo mu 2020, ayo yatsinze manda ya kabiri mu myidogo y’abatavuga rumwe nawe bavuga ko bakumiriwe.
Facebook Forum