Uko wahagera

Tanzaniya Ntizokwugurura Ibimenyeshamakuru Vyose Vyugawe


Perezida Mushasha wa Tanzaniya Madamu Samia Hassan
Perezida Mushasha wa Tanzaniya Madamu Samia Hassan

Abamenyeshamakuru muri Tanzaniya baguye mu gahundwe inyuma yaho Reta itomoreye ko ingingo ya Perezida mushasha yo kugurura ibimenyeshamakuru vyugawe ku ntwaro y'Umuhisi John Pombe Magufuli yega ibimenyeshamakuru bikorera kuri interneti gusa.

Mu ntango z’ino ndwi, niho Perezida mushasha wa Tanzaniya Madamu Samia Hassan yavuga ko ibimenyeshamakuru vyugawe ku ntwaro ya Magufuli bitegerezwa kugururwa. Mu co bamwe bariko bita indimi zibiri muri Reta imwe, abandi bagafata nk’ukwihindukiza, Gerson Msigwa avugira Reta nshasha y’ico gihugu yavuze ko ino ngingo yega imboneshakure zikorera kuri interneti gusa “Online Television.”

Urunani ruhurikiyemwo abahagarariye ibisata bitandukanye vyo kumenyesha amakuru muri Tanzaniya rwabwiye Ijwi ry’Amerika I Dar es Salaam ko ibi vyerekana ko umushikiranganji wo kumenyesha amakuru agambararira umukuru w’igihugu.

Umunyamabanga mukuru w’urwo runani, Neville Meena, mu majambo yiwe yagize ati: “ Mw’itangazo uwuvugira Reta yahaye abamenyeshamakuru mu ntango z’ino ndwi, yaratomoye ko perezida yari yasavye ko hugururwa ibimenyeshamakuru vyose. Kuba rero yivuguruje, vyerekana ko abamuhinduje ari abari mu bushikiranganji bwo guhanahana amakuru kuva ku ntwaro ya Magufuli. Abo ni nabo bugaye ivyo bimenyeshamakuru”

Umwe mu bigisha kw’ishure ryo kumenyesha amakuru riri I Dar es Salaam nawe avugana n’Ijwi ry’Amerika yavuze ko adatahura ingene umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru atanga itegeko, uwuri munsi yiwe akaza kurivuguruza yitwa ngo ariko atanga umuco.

Ku rundi ruhande, umushikiranganji wo kumenyesha amakuru, Innocent Bashungwa, yavuze ko imiryango y’ibiro vyiwe yuguruye ku bimenyeshamakuru bicugaye vyipfuza kugurura. Yashimangiye ariko ko vyugawe hisunzwe amategeko, gutyo ukugururwa kwavyo bibwirizwa guherekezwa n’ishirwa mu ngiro y’ivyo bisabwa gukora.

Abaharanira agateka ka zina muntu muri ico gihugu bibutsa ko ata bwisanzure bw’igice bubaho, kuri ubwo bagasanga ubwisanzure bwo kumenyesha amakauru bwohabwa bose ata kuvangura. Mu binyamakuru bitanu vyugawe, kimwe citwa, Kwanza TV, ca Maria Sarungi atavuga rumwe n’ubutegetsi ni co kimaze gutezurirwa gusa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG