Uko wahagera

Urubura rwa Neje Rwahagaritse Imirimo mu Buseruko bwa Amerika


Imodokari zinyerera mu rubura rwaguye mw'ibarabara mu micungararo wa Washington DC. Kw'itariki ya 3/01/2022
Imodokari zinyerera mu rubura rwaguye mw'ibarabara mu micungararo wa Washington DC. Kw'itariki ya 3/01/2022

Urubura rwa Neje ruvanze n’umuyaga vyibonekeje mu mareta atari make muri Reta zunze ubumwe za Amerika kuri uyu wa mbere rwatumye ingo ziharurwa mu 500.000 zibura umuyagankuba eka n’ibiro vya reta biba ngombwa ko vyugara ku murwa mukuru Washington.

Urwo rubura n’umuyaga rwatumye kandi Perezida Joe Biden atabasha kurerurwa na kajugujugu ngo ave ku kibuga c’indege ca gisirikare kiri mu micungararo ya Washington. Yaciye ahitamwo gukoresha ibarabara, atahukanwa n’imodokari, avuye mu misi mikuru irangiza umwaka yahimbarije muri reta ya Delaware.

Ibi bihe bibi vyiyongereye ku bukene bw’abakozi buhanze ubuzi muri Amerika kubera ikiza ca COVID, catumye kandi n’indege z’urudandaza zirenga 1.900 muri Amerika zirushiriza guhagarika ingendo no kuri uyu wa mbere.

Ibi vyatanguye kuva mu misi mikuru ya Noheli, aho amakompanyi y’indege avuga ko abakozi bayo banduye ku bwinshi Covid-19 hamwe n’ibihe bibi mu kirere bitazorohereje kuguruka. (AP, Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG