Uko wahagera

Amerika n'Uburusiya Bazoganira mu kwa Mbere ku Kibazo ca Ukraine


Perezida Joe Biden na mugenzi we w'Uburusiya Vladimir Putin, baramukanya mu mubonano wabo wa mbere i Geneve mu Busuwisi. Kw'itariki ya 16/06/2021
Perezida Joe Biden na mugenzi we w'Uburusiya Vladimir Putin, baramukanya mu mubonano wabo wa mbere i Geneve mu Busuwisi. Kw'itariki ya 16/06/2021

Reta zunze ubumwe za Amerika n’Uburusiya bazogiranira ibiganiro birindiranwe igishika mu ntango z’ukwezi kwa mbere, ku mutekano w’umugabane wa Buraya hamwe n’intambara itutuza muri Ukraine. Ni inyuma y’aho Uburusiya busabiye ishirahamwe OTAN guhagarika umugambi wa kwiyagurira akarere rigana mu buseruko bwa Buraya.

Umuvugizi w’akanama kajejwe umutekano muri Amerika yavuze ku musi wa mbere ko ibi biganiro n’Uburusiya bizoba kw’itariki 10 z’ukwezi kwa mbere.

Icegera c’umushikiranganji w’Uburusiya w’imigenderanire n’ayandi makungu, Sergei Ryabkov, yemeje iyo tariki kuri uyu wa kabiri, yongera avuga ko ibi biganiro bizobera i Geneve mu Busuwisi. Uyu mubonano uzobera aho Perezida Joe Biden na Vladimir Putin babonaniye mu mubonano wabo wa mbere wabaye mu kwezi kwa gatandatu.

Uburusiya burushiriza kwongereza amakenga ko ibihugu vyo mu burengero bw’isi hamwe n’ishirahamwe OTAN bari mu mugambi wo kwegera cane imbibe zabwo.

Uburusiya hamwe n’intumwa za OTAN bategekanya nabo kuzobonana kw’itariki ya 12 y’ukwezi kwa mbere. Nta makuru y’amazina y’intuma zizoserukira izo mpande zibiri mu biganiro vyo kw’itariki 10 aratangazwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG