Uko wahagera

COVID-19: Ingenzi Ziva muri Afrika y'Ubumanuko Ntizikiri Intambamyi kuri Amerika


Perezida Joe Biden mu nama na ba buramatari ku kurwaniriza hamwe Covid-19, muri White House, kw'itariki ya 27/11/2021
Perezida Joe Biden mu nama na ba buramatari ku kurwaniriza hamwe Covid-19, muri White House, kw'itariki ya 27/11/2021

Perezida Joe Biden yatangaje kuri uyu wa kabiri ko muri iyi ndwi agiye guhagarika ingingo yabuza ingenzi ziva muri Afrika y’epfo n’ibindi bihugu vyo mu karere kwinjira muri Amerika. Iyi ngingo yayifashe ku bwoba bw’uko bozana muri Amerika ubwoko bushasha bwa Covid-19 bwiswe Omicron.

Biden yavuze ko kubuza izo ngenzi kwinjira bitakiri ngombwa kugira amagara y’abantu akingirwe, yongerako ko iyo ngingo izokurwaho ku musi wa gatanu w’iyi ndwi.

Perezida Biden yavuze ko iyi ngingo ayifashe ku mpanuro yahawe n’ikigo kijejwe kugenzura no gukinga ingwara, CDC.

Ibihugu vyo kw’isi bitari bike vyarabujije ingenzi ziva mu bihugu vyo mu bumanuko bwa Afrika kwinjira ku butaka bwavyo kuva aho Omicron imenyekaniye muri Afrika y’epfo, kw’itariki ya 24 y’ukwezi kwa cumi na kumwe.

Ibihugu vyegwa n’iyo ngingo ni Afrika y’epfo, Botswana, Zimbabwe, Namibiya, Lesotho, Eswatini, Mozambike na Malawi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG