Uko wahagera

Abantu 7 Barishwe mu Gitero c'Iterabwoba mu Gisagara ca Beni


Abaporisi bari ahatewe bombe i Beni, mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Congo, kw'itariki ya 26/12/2021
Abaporisi bari ahatewe bombe i Beni, mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Congo, kw'itariki ya 26/12/2021

Abantu indwi barishwe na bombe yaturikijwe n’umwiyahuzi mw’ijoro ryo ku musi wa gatandatu mu gisagara ca Beni, mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Congo. Umwiyahuze yayiteye mu nzu y’uburiro igihe abantu b’abagwizatunga bariko basangirira hamwe kuri Noheli.

Abategetsi mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo baciye bafata ingingo zo gusaba abanyagihugu kudatembera mw’ijoro, bongera bashiraho amabariyeli mashasha yo gusaka abarengana. Basaba kandi amashengero, amazu y’uburiro hamwe n’amahoteli gufata ingingo z’umutekano zidasanzwe.

Umukuru w’igisagara ca Beni, Narcisse Muteba yagabishije abafise ibibanza bihurumbirwamwo abantu benshi ko abakora iterabwoba bashobora gutera ubugira kandi.

Nta washotse yiyemerera ko ari we ari inyuma y’ico gitero co ku musi wa gatandatu. Ariko igisagara ca Beni kimenyerewemwo ibitero vy’abarobeli. Ariko ishami ry’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu muri Afrika yo hagati riza ryaramaze kwigamba ko ari ryo rikora ubwicanyi muri ako karere.(VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG