Uko wahagera

Amerika Yemeje Ikinini Kigira kabiri ca COVID-19


Píldora de Merck contra el COVID-19
Píldora de Merck contra el COVID-19

Ikigo ca Reta zunze ubumwe za Amerika kijejwe kwemeza ibifungurwa n’imiti, FDA, cemeje ikoreshwa ry’ikindi kinini ca Covid-19 cahinguwe n’ihinguriro ry’imiti, Merck. Ni inyuma y’umusi umwe ico kigo cemeje ikinini ca mbere ca COVID-19 cahinguwe na Pfizer.

Iki kinini kigira kabiri citwa molnupiravir, gishobora guhabwa abantu bakuze basanzwe bagendana izindi ngwara zikomeye igihe bafise ibimenyetso vya Corona. Uyu muti nturemerwa ku bafise imyaka iri munsi ya 18.

Ikigo FDA cavuze ko mu bahawe ico kinini, 7 kw’ijana gusa ni bo binjiye ibitaro.

Reta ya Amerika ivuga ko izogura ibinini vya Merck bikwiye vyo kuzovura abantu imiliyoni 3.1.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG