Uko wahagera

Abantu 17 Bapfiriye mu Bwato Bwazamye mu Mazi muri Madagascar


Abantu bashika 17 bapfuye abandi hafi 60 baraburirwa irengero, inyuma y’aho ubwato barimwo buzamiye mu mazi mu buraruko bushira ubuseruko bwa Madagascar mu gaturuturu ko kuri uyu wa mbere. Ibi vyavuzwe n’abategetsi bagenzura ibivuko.

Umukuru arongoye ibivuko muri Madagascar, Jean Edmond Randrianantenaina yavuze ko 45 kuri 130 bari muri ubwo bwato batabawe kandi abandi bakironderwa. Yavuze ko ubwo bwato bwari butwaye abantu mu buryo buteye kubiri n’amategeko.

Uwundi mutegetsi mu gisata c’ibivuko, Adrien Fabrice Ratsimbazafy, yavuze ko inyuma y’ibibazo vy’ubuhinga mu moteri, ubwo bwato bwarushijwe inguvu n’imifunda y’ikiyaga bubona kuzama.

Umurwi w’abajandarume waciye wihuta gushika ahabereye iryo sanganya kandi amatohoza yaciye atangura ku cariteye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG