Uko wahagera

RSF: Abamenyeshamakuru 488 Barafunzwe, 46 Barishwe muri 2021


Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abamenyeshamakuru batagira imbibe, Reporter Sans Frontieres kuri uyu wa kane ryavuze ko abamenyeshamakuru 488 ari bo bapfunzwe kw’isi muri iki gihe. RSF rivuga ko mu myaka 25 rimaze riharura abamenyeshamakuru bapfunzwe, ibi bitigiri bigaragara ko biri hejuru cane.

Vyiyongereye incuro 20 kw’ijana kuva mu mwaka uheze, kandi benshi n’abafashwe muri Myanmar, Biyerorusiya na Hong Kong.

RSF ivuga kandi ko itari bwigere ibona ibitigiri binini vy’abamenyeshamakuru b’abakenyezi bapfunzwe bangana uko bangana ubu 60, barenga ica gatatu ugereranije no mu 2020.

Abishwe uyu mwaka bangana 46. Ibihugu bitinyitse kuruta ibindi vyagumye ari Mexike ahishwe 7, na Afuganisitani hishwe batandatu, hagakurikira Yemeni bane n’Ubuhindi bane nyene.

RSF yaharuye kandi abamenyeshamakuru 65 banyurujwe kw’isi. Nka bose ni abo mu buseruko bwo hagati nka Siriya, Iraki, na Yemeni, kiretse umufaransa Olivier Dubois, yanyurujwe muri Mali kuva mu kwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG