Turukiya izokwakira inama y’imisi ibiri kuri Afrika muri iyi ndwi. Ni Inama igamije kwagura igihagararo cayo mu rwego rwa diplolomasiya n’ubutunzi muri Afrika.
Inyuma y’imyaka ibiri iyo nama itaba kubera ikiza ca Covid-19, Turukiya itanguza iyi nama na Afrika kuri uyu wa gatanu. Ariko kubera ubwoko bushasha bw’umugera wa Corona bwiswe, Omicron, ntibiramenyekana abakuru b’ibihugu bazoyitabira.
Iyi nama ni kimwe mu twigoro Turukiya yakoze two kwugurura ambasade zishasha 30 ku mugabane wa Afrika no gushira inguvu cane muri politike y’uguhanahana ibidandazwa na Afrika.
Perezida wa Turukiya Recep Tayyip Erdogan akunze gutemberera Afrika, aho kuva mu 2003 amaze kugendera uwo mugabane incuro 28.
Ariko abasesenguzi muvya poritike bavuga ko kubera ibibazo vy’ubutunzi Turukiya irimwo, vyatewe na Covid-19, nta buryo bw’amafaranga buhagije izoronka mu twigoro twayo two kurondera igihagararo ku mugabane wa Afrika. (VOA)
Facebook Forum