Uko wahagera

Covid-19: U Rwanda Rutangaza ko Rwatoye Batandatu Banduye Omicron


Rwanda Biomedical Center Coronavirus
Rwanda Biomedical Center Coronavirus

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Rwanda bwemeje kuri uyu wa kabiri ko abantu batandatu bamaze kwandura ubwoko bushasha bwa Corona bwiswe Omicron.

Kubw’ivyo reta yaciye ifata ingingo ko mu gihe c’ukwezi kumwe uhereye kuva kw’itariki ya 16 z’uku kwezi kwa cumi na kabiri, ata ngendo zemewe guhera isaha zitandatu z’ijoro kugeza isaha cumi zo mu gitondo.

Izo ngingo zirimwo kandi ko ibikorwa vyose vyemerewe gukora bizohora bihagarika sa tanu z’ijoro. Ingenzi zose zinjira mu gihugu zizosabwa guca zikumira mu mahotero mu kiringo c’imisi itatu.

Nayo abinjira mu gihugu baciye ku kibuga c’indege bazosabwa kwerekana icemeza ko bacandazwe covid-19 mu gihe c’amasaha 72 imbere yo gufata urugendo. Ibiteramo vy’umuziki no kwidagadura bibaye birahagaritswe. Izi ni zimwe mu zindi ngingo zitari nke zafashwe n’inama y’abashikiranganji y’ejo kuwa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG