Abasirikare indwi bamuka muri Togo bo mu nteko za ONU zagiye kubungabunga amahoro muri Mali bishwe kuri uyu wa gatatu, igihe imodokari yabo yaca ku gisasu catezwe mw’ibarabara hagati muri Mali.
Umuvugizi wa ONU, Stephane Dujarric yabwiye abamenyeshamakuru ko abandi basirikare ba Togo bo muri izo nteko bakomeretse cane muri ico gitero cabereye mu ntara ya Bandiagara. Yavuze ko izo nteko zari mu rugendo hagati y’ibisagara vya Douentza na Sevare.
Nta muhari n’umwe wigamvye ko ari wo wakoze ico gitero.
Togo ifise abasirikare hafi 930 mu nteko za ONU ziri muri Mali, zizwi nka MINUSMA.
Dujarric yavuze ko umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres, yaneguye yivuye inyuma ico gitero yongera asaba abategetsi ba Mali kurengutsa abo babisha imbere y’intahe.
Imihari y’iterabwoba ishamikiye kuri al-Qaida na reta ya kiyisilamu ni yo ikorera cane muri ico gihugu kandi ikunze kugaba ibitero ku nteko za MINUSMA.
Dujarric yavuze kandi ko umusirikare umwe wa ONU yamuka muri Misiri yapfiriye mu bitaro ku musi wa mbere, inyuma yo gukomereka bikomeye mu gitero cabereye mu buraruko bwa Mali mu kwezi guheze. (AFP)
Facebook Forum