Uko wahagera

Gambiya mu Matora ya Perezida kuri uyu wa Gatandatu


Ibiro vy'itora muri Gambiya
Ibiro vy'itora muri Gambiya

Abanyagihugu muri Gambiya baratora umukuru w’igihugu ku musi wa gatandatu. Ni itora rya mbere ritunganijwe muri ico gihugu co mu burengero bwa Afrika, ribaye kuva uwahoze akirongoye, Yahya Jammeh, ahungiye mu mahanga.

Inyuma y’aho Perezida Adama Barrow, amutsindiye mu matora, Jammeh vyabaye ngombwa ko ahungira muri Gineya Equatorial mu 2017, aho yiyotsa ku vyaha n’amabi yakoreye abanyagihugu. Ariko uwo yahoze ari perezida aracafise igihagararo muri politike muri Gambiya, aho abamuyoboka bamusunikira gutahuka.

Abarorerezi bamwe babona ko aya matora ari igipimo co gupima urugero rwa demokarasi igihugu kigezeko.

Perezida Barrow w’imyaka 56 ariko yitoreza ikiringo kigira kabiri, avuga ko iki ari igipimo co kuraba uko yizewe n’abanyagihugu biwe mu kubashikana kw’iterambere. Ahiganwa n’abandi batanu barimwo inzobere muri politike Ousainou Darboe, w’imyaka 73, abonwa nk’uwufise amahirwe mu bakandida batavuga rumwe na reta.

Hategekanijwe igice kimwe c’amatora, kandi ibizoyavamwo bizoca bitangazwa ku musi w’Imana. AFP

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG