Uko wahagera

USA: Biden Yafashe Ingingo Nshasha zo Gukumira Corona ku Ngenzi


Ingenzi ku kibuga c'indege i Los Angeles, zirindiriye gupimwa Covid-19. Kw'italiki 24/11/2021
Ingenzi ku kibuga c'indege i Los Angeles, zirindiriye gupimwa Covid-19. Kw'italiki 24/11/2021

Perezida wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Joe Biden kuri uyu wa kane yashizeho itegeko ry’uko ingenzi mvamakungu zibwirizwa gupimwa umugera wa Corona imbere yo kwinjira muri Amerika. Yashizeko kandi umurongo w’ingene iki kiza kigiye kurwanywa muri Amerika mu mezi y’imbeho ari imbere.

Ingenzi mvamakungu zizosabwa ko ziba zifise ibipimo vyuko batanduye COVID-19 hasigaye umusi umwe imbere yo kwinjira muri Reta zunze ubumwe za Amerika. ni u gihe ubwa mbere basabwa imisi itatu. Iri tegeko rizoraba abanyamerika hamwe n’abanyamahanga.

Perezida Biden yongereje kandi ikiringo gitegeka kwambara udupfukamunwa ku bagendera mu miduga yunguruza abantu benshi no mu bibuga vy’indege kuva mu kwezi kwa mbere itariki 18 gushika mu kwa gatatu itariki 18 nyene umwaka uza.

Ni mu gihe abantu umunani banduye ubwoko bushasha bwa Corona, Omicron bamaze gutorwa muri Amerika gushika kuri uyu wa kane. Ariko Biden yabwiye abategetsi bo mu gisata c’amagara y’abantu ko umugambi wiwe atari uwo gusubiza Amerika inyuma hahitiye.

VOA

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG