Reta ya Isirayeli yemeje kuzokwakira ibihumbi vy’abanyetiyopiya b’Abayahudi, bafise imiryango imaze imyaka irenga 10 ibarindiriye muri Isirayeli.
Iyo ngingo yo kuri uyu w’Imana yabaye intambwe yo gutorera inyishu ikibazo cari gihangayikishije uwo muryango w’abanyetiyopiya. Abanyetiyopiya b’abayahudi 140.000 ni bo baba muri Isirayeli. Abakuru b’uwo muryango bavuga ko abandi 6000 bakiri muri Etiyopiya.
Iyi ngingo yo kuri uyu w’Imana, igiye gutuma abantu baharurwa 3.000 batwarwa muri Isirayeli. Bagizwe n’abavyeyi, abana, abavukanyi babo basanzwe baba muri Isirayeli hamwe n’impfuvyi abavyeyi bazo bapfiriye muri Isirayeli.
Umushikiranganji wa Isirayeli ajejwe intwaro mu gihugu hagati yavuze ko iyi ngingo ifashwe kubera umutekano muke urangwa muri Etiyopiya, aho ibihumbi vy’abantu bamaze kwicwa kuva hatangura hagati ya reta n’abagwanyi za Tigre.
Facebook Forum