Uko wahagera

Umugambwe ANC Waratsinzwe mu Matora yo mu Nzego zo Hasi


Abayoboke b'Ishyaka ANC
Abayoboke b'Ishyaka ANC

Umugambwe uri ku butegetsi muri Afrika y'epfo, ANC waratakaje ubuyobozi bw'igisagara ca Johannesburg no mu bindi bisagara bikomakomeye bitari bike vy'igihugu, inyuma y'amatora yo mu nzego zo hasi aherutse kuba mu gihugu.

Umugambwe ANC watsinze n’amajwi ari musi y’ibice 50 kw’ijana mu matora yo mu bisagara bigize igihugu yabaye mu ntango z’uku kwezi. Amajwi uyo mugambwe wagiye uraronka mu matora yabaye mu gihugu.

Umugambwe ANC warananiwe kugira urunani n’imigambwe mitomito itavuga rumwe na reta. Vyatumye utakaza igisagara ca Johannesburg, kiza ubwa mbere mu bunini mu gihugu, hamwe n’igisagara ca Ekurhuleni, n’ibisagara bigize akarere ka Thswane, karimwo umurwa mukuru wa politike wa Afrika y’epfo, Pretoria.

Umugambwe utavuga rumwe na reta, “Democratic Alliance” warashoboye kugira urunani n’iyindi migambwe itavuga rumwe na reta.

Muri iki gihe uwo mugambwe watsindiye ubuyobozi muri ivyo bisagara bitari biri mu ntara ya Gauteng ikomeye cane mu vyerekeye ubutunzi mu gihugu.

Mpho Phalatse wo mu mugambwe, “Democratic Alliance” yatowe kuba umukuru w’igisagara ca Johannesburg, mu gihe Randall Williams wo muri uwo mugambwe nyene yabaye umuyobozi w’akarere ka Tshwane.

Kubera indyane ziri mu mugambwe ANC, ntiwashoboye n’ukugena uwuwuserukira muri ico gice.

Bitegekanijwe ko uwo mugambwe unatsindwa mu gice kirimwo ibisagara vya Thekwini, aho wahoze ufise abawushigikiye benshi.

Ico gice kirimwo igisagara ca Durban. Bitegekanijwe ko imigambwe mitomito itavuga rumwe na reta ishigikira umugambwe, “Democratic Alliance”.

Prezida wa Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa, ayoboye umugambwe ANC, yatangaje ko kuba batsinzwe mu bisagara bikomakomeye bigize igihugu vyerekana ko basubiye inyuma ku bijanye n’icizere abanyagihugu babafitiye. Ngo ni icirwa kuri bo. (AP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG