Uko wahagera

Amerika Ivuga ko Igiye Gusubira Kuganira n'Abatalibani


Amir Khan Muttaqi

Reta zunze ubumwe za Amerika igiye gusubira kuganira n’Abatalibani mu ndwi iza muri Qatar, ku bibazo birimwo kurwanya iterabwoba n’ubukene bw’imfashanyo muri Afuganistani.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bwa Amerika bw’imigenderanire, Ned Price, kuri uyu wa kabiri yavuze ko intumwa za Amerika zizoba zirongowe n’intumwa idasanzwe ya Amerika muri Afuganistani, Tom West, muri ivyo biganiro bizomara indwi zibiri.

West yarabonanye mu ndwi zibiri ziheze muri Pakistani n’intumwa z’Abatalibani bafashe ubutegetsi mu kwezi kw’umunani igihe inteko za Amerika zava muri Afuganistani. West yavuze ko Reta zunze ubumwe za Amerika izobandanya ibiganiro n’Abatalibani kandi ko ubu igitanga gusa imfashanyo ku banyagihugu.

Amir Khan Muttaqi, umushikiranganji w’imigenderanire wa reta y’Abatalibani, itemewe n’amakungu, yasavye Kongre ya Amerika kurekura ubutunzi bwa Afuganistani bwafatiwe muri Amerika.(AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG