Abantu hafi 3 000 bategetswe kuguma biyugaraniye mu mazu yabo mw’izinga rya Esupanye ryitwa La Palma kuri uyu wa mbere aho ikirunga cazukurutse kiriko cerekeza kija mw’ibahari. Bagabishwa ko ivyuka vyaco bishobora kubononera amagara.
Bugize gatatu ibirunga bitururira mw’ibahari Atlantike kuva hibonekeza ikindi kirunga mu bumanuko bw’iryo zinga mu kwezi kw’icenda, itariki 19, ikirunga casanzaye mu gice kinini c’ako karere.
Indege zose zaba iziva canke izija ku kibuga c’indege c’iryo zinga rya Palma zahagaritswe kuri uyu wa mbere, ku musi ugira gatatu kubera ico kirunga.
Ico kirunga casambuye amashure, amasengero, ibitaro hamwe n’imivo icamwo amazi yo kuvomera ibitoke, igisata cahora gitanga ubuzi bwinshi. Eka n’amazu atari make yasenyutse.
Ubutegetsi bugereranya ko ivyononekaye bishika hafi umuriyaridi w’amadolari.
Facebook Forum