Uko wahagera

Covid-19: Abanyaburaya Bariyamiriza Kwongera Kugumizwa mu Ngo


Abari mu myiyerekano yiyamiriza ingingo za guma mu rugo kuko Covid-19 yongerekanye muri Esupanye, Vienne, 20/11/21
Abari mu myiyerekano yiyamiriza ingingo za guma mu rugo kuko Covid-19 yongerekanye muri Esupanye, Vienne, 20/11/21

Abantu baharurwa mu 35.000 barakoze imyiyerekano i Vienne, ku murwa mukuru wa Otrishiya ku musi wa gatandatu. Biyamiriza ingingo yo gusubira kubagumiza mu ngo kuva kuri uyu wa mbere, mu gihe abandura umugera wa Corona bongeye kwiyongera mu gihugu.

Reta ya Otrishiya yavuze ko ico kiringo ca guma mu rugo kizova ku misi 10 gushika kuri 20.

Abandi baharurwa amajana bihereje amabarabara no mu bindi bihugu vya Buraya nk’Ubuholande. Mu Butaliyano bihereje amabarabara y’i Roma bahakana ingingo yo kwicandagisha nk’itegeko no kuzoza berekana amakarata y’uko bacandazwe.

Mu buraruko bwa Makedoniya, abanyagihugu amajana barakoraniye ku ngoro y’abashingamateka, bakora imyiyerekano mu mahoro, ku murwa mukuru, Skopje, ku musi wa gatandatu biyamiriza amategeko mashasha yo kwirinda ikwirakirwa rya Covid-19. (VOA)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG